article comment count is: 0

Islamu : idini ryubakiye ku muvukano

Mu gihe hari abantu bihisha inyuma ya Islamu bagakora inabi maze bigacafuza uwo muryango, biribonekeza neza ko iryo dini ryubakiye ku muvukano n’urukundo. Aminadab Havyarimana araducira ku mayange bimwe mu veyerkana urwo rukundo n’umuvukano.

Abantu benshi bamenyereye kwumva Islamu mu binyamakuru hamwe n’amaradiyo iyo bitangaza ngo « Intagondwa z’Abaislamu zakoze ibi canke biriya mu gihugu kanaka ». Ariko rero, umuntu avyihweje neza, dusanga idini rya Islamu ahanini rishingiye ku rukundo n’umuvukano mwiza mu bantu. Ivyo navyo biribonekeza mu mibano y’Abaislamu aho baherereye iruhande yacu, mu buzima bwa minsi yose.

Ibitwemeza umuvukano n’urukundo vya Islamu

Hari ibintu bibiri nyamukuru mpora nishimikiza maze ngaheza nkatahura inkingi z’ubuntu ziri mw’idini rya Islamu kandi zikibonekeza m’ukwo babayeho.

Ica mbere gihagaze ku minsi mikuru iryo dini ryama ritunganya buri mwaka. Iyo haramutse haba umunsi mukuru mwene uwo, abantu benshi barabimenya kandi ukabona ko hari icahindutse mu basanzwe begereye imibano y’Abaislamu. Benshi rero, abantu bo mu madini yose, ntibabifata nk’amakuru gusa. Ahubwo baranabinezerererwa kuko harimwo abahahembukira. Ushima ko buca ari umunsi mukuru wa Islamu, abatari bake uza wumva ngo « Mbega ejo tuzorira intama n’umuceri hehe ga basha ? ». Abandi nabo, iyo bukeye ngo « Mbega uyu munsi turira umuceri hehe ?  Nta Muislamu ari ngaha ngo adutumire ? », n’ayandi majambo yerekana ko benshi usanga umenga uwo munsi mukuru ushitse bari bawurindiranye igishika cinshi.

Ivyo rero bikunze kwibonekeza iyo Abaislamu barangije amafungo yabo y’ukwezi gutagatifu Ramazani hamwe n’iyo buca bahimbaza umunsi mukuru w’intama. Abantu benshi rero barakunze guserura uwo munezero babicishije mu mirwi bahurikiyemwo nko kuri Watsap hamwe no mu babanyi ba hafi. Ivyo vyibonekeza ukwo kuko ababimenyereye bemeza neza ko iyo bagiye muri iyo minsi mikuru ata muntu n’umwe akumirwa. Bose basangira ibihari.

Ica kabiri cerekana ubuntu n’urukundo mu Baislamu n’ukuntu imibano yabo ikunda kwifata mu bihe bigoye nk’intambara. Dufatiye akarorero ku gihugu cacu c’Uburundi, abantu benshi barashinga intahe ko mu gihe c’amagume Abaislamu bagumije ubumwe. Eka mbere n’abantu benshi bagahungira mu turere twaba turwiriyemwo imibano yabo nka za Buyenzi n’ahandi. Kandi benshi baragiye bararokoka muri ubwo buryo kuko Abaislamu babakira nk’abavukanyi maze bakabakingira.

Ico twotahura

Ivyo bintu bibiri biri muri vyinshi vyerekana ko idini rya Islamu ryubakiye ku nkingi z’umuvukano n’urukundo mu bantu. Ikivyemeza n’uko vyibonekeza mu buzima bwabo bwa minsi yose. Mu gihe bariko barasangira ibifungurwa ku minsi mikuru, ntibavangura ubwoko canke amadini. Mu gihe hagize uwubitura ari ico abakeneyeko, baramwakira batabanje kuraba ico ari maze bigakiza benshi.

Ni naho mbona abantu twese twohera tukiga uwo muvukano n’urukundo mu gusabikanya ivyo dufise n’abandi, tukitwararikana mu buzima bwacu bwa minsi yose. Gutyo, akarorero k’idini rya Islamu karashobora kumurikira n’ayandi madini n’amashengero maze tukabandanya dutera intambwe mu muvukano n’urukundo.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.