article comment count is: 5

Vy’ukuri ubwirakabiri ni agasema ?

Abantu batari bake kw’isi baremera ivyo bita ibimenyetso vy’ibihe. Iyo babonye habaye iki canke kiriya, haba kw’ijuru canke ahandi, ugasanga bamwe baravuze bati hazoba iki canke kirya kimenyetso ni agasema. Apollinaire Nkurunziza aratuyagira ico Abarundi ba kera biyumvira ku bwirakabiri n’ico busigura vy’ukuri.

Igenekerezo rya mbere Nyakanga 2016, ku munsi wa kane, isaha zine z’igitondo, haribonekeje ihinduka ry’ikirere hasa nk’aho imvura igira irwe. Ariko, kubera hari mu ci, vyarateye amakenga abatari bake. Ntawari yiteze imvura mu gihe ca vuba twisunze ivyamenyeshejwe n’abahinga mu bijanye n’ikirere. N’ubwo vyari uko, hariho abandi bari bamaze kumenya ivyabaye kuko bari babisomye canke baravyumva mu binyamakuru vy’irya n’ino ko hazoba ubwirakabiri.

Insiguro y’ubwirakabiri ku Barundi 

Iryo hinduka ry’ikirere ryabaye kuri uyo munsi wa kane si irya mbere ribaye kuko abakurambere baravuga ko vyari bimaze gushika akatari gake muri kahise. Ariko, iyo ubwirakabiri bushitse, abantu benshi birabatera ubwoba kuko ngo bufise insiguro mu buzima bwabo. Kuri bamwe ngo ubwirakabiri bushitse buba bubura ingorane zizoshikira igihugu, ari intambara, inzara canke inzige zizotera mu gihugu. Ivyo rero bikaba vyagumye mu mitwe y’Abarundi bamwe bamwe ku buryo n’ubu babubonye vyabateye  ubwoba cane.

Unyifato umuntu yogira mu gihe c’ubwirakabiri

Abarundi bakera bari baratoye uburyo bibaza ko bwokinga ivyo ubwirakabiri bubura. Ubwa mbere n’uko mu kuraba ubwirakabiri vyari ngombwa ko baburabira mu mazi. Bafata ibikoresho bagashiramo amazi hanyuma bagaheza bagatereka hanze bakarabiramwo. Hanyuma, ku bijanye no kubwirukana, barafata ingoma, canke inyagara bakavuza bongera bavuga amajambo nk’abariko barabandwa, gushika babonye buheze.

Ivyo vyiyumviro vy’abakera hari n’abantu bo muri iki gihe bakibifise. Ikivyerekana n’uko igihe hari hateye uwo mwijima, kuri uyo wa kane, Abarundi batari bake bahitanye amazi bashira mu ndobo n’amasafuriya baraheza barabiramwo ibiriko biraba kw’ijuru. Ku rundi ruhande, abandi bahitanye ibintu vyose bivuga ari ingoma, ibidumu, ibikopo n’ibindi, bongera bavuza akaruru kugira bagerageze kwirukana ubwirakabiri.

None vy’ukuri ubwirakabiri ni iki ?

Umufaransa Pascal Descamps, umuhinga mu bijanye n’ikirere arasigura ikiba cabaye kugira haze ubwirakabiri. Avuga ko kugira bibe, imibumbe itatu ariyo isi, ukwezi n’izuba biba vyose bitonze ku murongo umwe. Aravuga ati birashoboka ko iyo mibumbe iba itumberanye neza, muri ico gihe haca haba umwijima ukomeye naho hoba ari ku murango. Iyo rero isi, ukwezi n’izuba bidatumberanye neza ariko bitonze ku murongo umwe, haca hama ugufurangana kw’ikirere gusa, ijuru rikamera nk’iririmwo ibicu kandi umengo imvura yorwa. Ivyo rero bikaba ari na vyo vyabaye kuri uyo wa kane igenekerezo rya mbere Nyakanga 2016.

Ico abantu twomenya

Ikintu gitangaje ni uko abantu benshi bibaza ko ubwirakabiri buba bubura ingorane zizoshikira igihugu kandi tuzi neza ko iyo bubaye buba mu bihugu vyinshi icarimwe. Abarundi rero bari bakwiye gutahura ko ibintu vyose babona bikabagora gutahura bidasigura ko ari imburi y’ingorane kuko hariho abahinga babitahura bashobora kubisigura kandi bikumvikana. N’ikimenyamenya ni uko, buca ivyo bishika, abahinga bari baraye bavuze ko ubwirakabiri buzoba bukeye ari ku munsi wa kane mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika yo munsi ya Sahara. Ivyo rero bikaba vyari vyavuzwe na cane cane ku gihugu ca Madagascar ari naho habaye umwijima mwinshi.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Mubisanzwe abarundi babifatira kuvyo baca babona iyo ubwira kabiri bwabaye. Twihweje muri Bibiliya igihe yesu acikanye harabaye ubwira kabiri.ntacobuza rero ko abantu biyumvira ko harico busigura bisunze ivyo.baravuga kandi ko na nyamugigima harico yasobanura kuko ngo n-igihe umuganawa rwagasore yapfa ngo harabaye nya mugigima.urumva rero biragoye gukura ibintu nkivyo mumitwe y-abantu.

    1. Kigingi Jojo, ivyo uvuze n’ukuri, hari hasigaye amezi nk’ane imbere y’uko umuganwa Ludoviko Rwagasore apfa mu mwaka w’1961, nko mu gihe ca sayine n’inusu (kuko twari tuvuye hanze muri recréation), habaye nyamugigima ikaze, ku buryo ata n’iyindi ndumva imeze gurtyo kuva aho mbereye ho. Ikindi kandi cabaye, urupfu rwa Rwagasore rwakurikiwe n’imvura nyinshi, amapfa aratera, kuko nta biharage vyabayeho mu gatasi. Sinzi ko vyabaye mu gihugu cose, ariko ndibuka ko ico gihe, niho batanguye kugaburira abantu imfashanyo y’ibiharage vyasa n’umuhondo, bavuga ngo n’umwami Mwambutsa yabisavye kuko abantu bagiye kwicwa n’inzara.

  2. Mu bisanzwe ihindagurika kama ry’ivyaremwe « phenomènes naturelle » biragora gutahura ni co gituma abarundi benshi bibaza ko ubwirakabiri ari izuba n’ukwezi birwana maze isi igacura umwiza.Kurabira ubwirakabiri mu mazi naho benshi batabizi ni uburyo bwiza bwo kuraba izuba umuntu atarihanze kuko risanzwe rimena amaso ariko benshi babikora ngo ntibahumirwe.Ni ugutahura rero ko n’aho imigirwa yo kubwirukana itoba butegerezwa kugenda vuba kuko iyo mibumbe y’isi iba itonze ku murongo umwe itaba ihagaze ariko iguma izunguruka gutyo igice c’isi cari mu gitutu kubera gikingiriwe n’ukwezi giteba kikagera ahari umuco ukwiye.Murakoze

  3. Ariko ntibisigura ko abarundi badashobora kuba bafise ukuri mu kwibaza ko bushobora kutuburira ivyago bigiye gutera. Ndashaka kubanza kukwibutsa, ncuti yanje Appolinaire Nkurunziza, n’abasoma inyi nyunganizi bose, ko Imana ubwayo yakoresheje ubwirakabiri mu gihe yaburira Farao mu Misiri (Egiputa) ko agiye kugira ingorane kuko yanse kurekura ubwoko bwayo ngo butahe bugende kuyikorera: « Mose atunga ukuboko mw’ijuru, umwiza w’umuzitanya ucura igihugu cose ca Egiputa umara gatatu (Kuvayo 9: 22). Imana yavuze ko bizongera kuba kugirango biburire ab’isi bigize intakoreka nka Farao mu misi y’iherezo: « Izuba rizocur’umwiza n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubwoba w’Uhoraho (Yoweli 2: 31). Ivyo kandi vyarabaye vuba mu kinjana ca 18, ngo vyerekane ko uwo musi mukuru w’Uhoraho wegereje: “Umunsi w’umwijima wo ku wa 19 Rusama 1780, wabaye amayobera ndetse uba igitangaza kitigeze kubaho. Umwijima utobona uko usobanurwa wakwiriye ijuru ryose n’ikirere cy’igihugu cy’Ubwongereza Bushya.” Umuntu yabibonye yaba muri Leta ya Massachusetts avuga iby’uwo mwijima muri aya majambo ngo: “Mu gitondo izuba ryararashe umucyo uratangaza, ariko mu kanya gato ririjima. Ibicu byaramanutse byegera hasi, maze biturukamo umwijima uteye ubwoba (E. G.WHITE, Intambara ihambaye, urupapuro rwa 223). Ariko hariho n’ukuntu ngo haza ibimenyetso bitobito hirya no hino, kandi bidasa, nka za nyamugigima, imyuzure, inkuba, uruzuba, ingwara z’ivyaduka. Ubwirakabiri bwabaye mu karere kacu, hagize abavuga ko bwatuburiye ivyago ntimubabuze kuvyemera kuko navyo vyoba ar’ukuri. Ntawe ntez’imisi, ariko Bibliya ivuga ngo « Haj’ubugesera (Ezekiyeli 7: 25). Abo bazungu bafise ivyuma bipima mu birere, ariko ivyo vyuma ntibishobora guhagarika ibigira ngo bibere mu kirere. War’uzi ko ikirere gifise uwakiremye akagishiramwo ingabo zaco, arizo nyenyeri? Kandi arashobora guharura igitigiri c’inyenyeri imw’imwe yose akayita izina ryayo (Zaburi 146: 4), agashobora no kuyituma aho ashatse mu gihe yishakiye. Uwo ni we bita Imana Rurema, niwe yazanye ubwo bwirakabiri.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.