article comment count is: 1

Tuyage mu rupfasoni ku mbuga ngurukanabumenyi

Mu mibano y’abantu, mu buzima bwabo bwa minsi yose, usanga vyama ari ngombwa ko baganira, bagatererana ivyiyumviro, bakabazanya ibibazo, eka mbere bagahana n’impanuro. Ariko rero, nk’uko Oscar Niyonkuru abituyagira, hari benshi bataramenya kuyaga mu rupfasoni, na cane cane abayagira ku mbuga ngurukanabumenyi ari naho ahera agatanga impanuro yiwe kugira ngo tugire imibano myiza aho duherereye.

Muri ibi bihe tugezemwo, uburyo bwo gutumatumanako amakuru bwarateye imbere cane. Ubuhinga ngurukanabumenyi bwatumye havuka imbuga nyishi zo gutumatumanako amakuru ndetse n’ugutererana ivyiyumviro. Amakuru canke ivyiyunviro bica kuri izo mbuga usanga bidahurizwako n’abasomyi bose. Iyo nyifato iramaze kuboneka cane muri iki gihugu cacu bivanye n’ibihe vya politike turimwo. Amakuru atangwa usanga anezera bamwe akababaza abandi. Ku bw’ivyo,  ivyiyumviro vy’abasomyi ku nkuru iba itanzwe, usanga kenshi huzuyemwo ibitutsi, ukwagirizanya, hari n’abakoresha amajambo y’abungere ntoshobora no gusubiramwo. N’ubwo biri uko, hariho abandi bashobora kubirengera bagashikiriza iciyumviro cabo mu rupfasoni. Iyo nyifato n’iyo gushigikira.

Ukuvuga nabi vyoba vyica iki mu buzima bwa minsi yose ?

Imvugo mbi irabisha ikiyago, igatuma abantu bashamirana ndetse bikavamwo ukurwana iyo vyarenze urugero. Nk’akarorero, iyo hatanzwe inkuru kanaka, hariho abayikunda n’abandi itanezera. Mu gihe iyo mirwi ibiri igumye iterana amajambo, bose baba bariko biruhisha ku busa kuko ntanyishu batora. Tugiye mu buzima busanzwe, tukihweza kuva muri kahise, intambara zagiye ziba kwisi, vyose vyatangurira mu majambo mabi. Aho guca bugufi ngo abantu bavugane bakishinga guterana amajambo bigateba bikavamwo ukurwana.

Iyindi ngorane n’uko n’uwuba yanditse inkuru adaheza ngo ashike kuco ashaka. Igihe umuntu aba yanditse inkuru, ntaba ashaka kuraba ingene abasomyi baza gusimbiranirako  batukana canke bagirizanya. Haba na mba, aba ashaka kubaha ijambo ngo arabe ivyiyumviro vya bamwe n’abandi ku kintu kiba cabaye. Iyo rero bigenze uko, ntaheza ngo ashike kwihangiro aba yihaye kuko abotanze inyishu baba bariko baratukana.

Inyifato ibereye kuri bamwe n’abandi

Ntibishoboka, kandi ntibizokwigera bishoboka, ko abantu bose twiyumvira kumwe. Kubabazwa n’inkuru itanzwe n’ibisanzwe kuko twese turi abantu kandi turi kw’isi. Na jewe ubwanje hari vyinshi mpora mbona bishikirizwa ntibinezere. Iyo bishitse nkabona inkuru nkiyo, ndagerageza gushikiriza iciyumviro canje ntabanje kubabaza mugenzanje. Bidakunze naho, hagutukana mpitamwo kwirenganira ntatanze iciyumviro canje. Ico twomenya, n’uko ukuyaga n’uwo mudasangiye ivyiyumviro bifise akamaro kanini cane. Bituma wiyugurura mu mutwe, ukungura ubwenge ndetse ugahinduka ugatera imbere.

Abantu bose bari bakwiye kumenya ko ubudasa bwacu ari itunga rinini. Kurya amashurwe afise amabara menshi ariko bikayabera, niko natwe tuberwa mu gihe dufise ivyiyunviro vyinshi kandi bitandukanye. Kutabona ibintu kumwe, ntibikwiye gutuma duhinduka abansi. Igihe cose haba hari ico tudahurizako, umuti mbona n’uko twoyaga, umwe wese akavuga uko abona ibintu kandi mu rupfasoni abandi nabo bakamwishura. Hamwe bigenze uko, ndazi ko hari n’abahora batukana wosanga bahindutse abagenzi kuko bafashe akanya keza ko kumenya ukuri ku vyiyumviro vya bagenzi babo. Na kare, mu Kirundi, bavuga ngo « Ukuri gushirira mu kuyaga».

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Nukuri birateye agahinda aho usanga abantu bariko barakoresha amajambo y’ibiterasoni mugushikiriza ivyiyumviro kumbuga ngurukana bumenyi! Iyo inkuru itagushimishije gerageza ushikirize iciyumviro murupfasoni canke naho ureke kugira ico uyivuzeko. Naho inkuru yoba ikunezereje menya uko ushikiriza iciyumviro mu rupfasoni! Aha rero no hanura na canecane urwaruka tumenye ko gushikiriza ivyiyumviro vyacu murupfasoni arivyo biduha kandi bizoduha iteka bikanadufasha mu kwubaka igihugu cacu! Ntiduhendwe n’abanyepolitike ariko tugume twubahana mu butandukane bwacu muvyiyumviro vya politike! Abanyepolitike nabo bamenye ko kuvuga murupfasoni arivyo bizobaha iteka nayo gukoresha amajambo y’ibitutsi mabi bituma batanga indero mbi kubana b’igihugu! Aha nogirako nsaba n’abandika inkuru ko bokoresha amajambo y’urupfasoni gutyo abasomye inkuru birabafasha guterera mu rupfasoni! KWUBAHANA BIBE MU GIHUGU C’UBURUNDI NDETSE NO MUKARERE! MURAKOZE

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.