article comment count is: 1

Ni gute twokoresha neza amafaranga yacu?

Mu gihe amafaranga ya muntu ari yo ahanini amufasha mu vyo akeneye iminsi yose gutyo akabandanya kwiteza imbere mu muryango, hari n’abandi bantu bayaronka akabapfako ubusa eka mbere ugasanga ababo babayeho nabi kurusha n’abandi atayo bafise. Renovat Ndikumwenayo aratuyagira ukwo abona twari dukwiye gutunganya ubuzima bwacu dukoresheje amahera turonka.

Ukutamenya hamwe n’ugusesagura ni bimwe mu bituma dukoresha nabi amafaranga yacu. Twese turazi ko amafaranga adufitiye akamaro kanini mu buzima bwacu bwa minsi yose mu gihe umuntu ayakoresheje neza. Iyo umuntu adafise amafaranga bamwita umukene kuko ataco aheza ngo yimarire canke ngo amarire umuryango n’igihugu. Aha twovuga nk’ukuronderera abana biwe ivyo bafungura, kubambika, kubashira mw’ishure, n’ibindi. Ivyo vyose rero bikaba ahanini bikorwa n’amafaranga. Nico gituma kugira umuntu ashobore kubaho neza, ategerezwa kuba afise ikintu akora gishobora kumuronsa amafaranga nko kurima, kworora, kudandaza, kuba warize ukaronka urupapuro rw’umutsindo ruguha uburenganzira bwo gukora akazi ka Leta canke ak’abikorera utwabo, n’ibindi. Ariko rero ivyo kubishikako ntivyorohera benshi kuko, udafise uburyo, nko kugira udandaze canke ushobore kurungika umwana kw’ishure utegerezwa kuba ufise amafaranga canke ufise uwushobora kubigufashamwo.

Uko bamwe bamwe bifata mu mafaranga batunze

Iyo abantu benshi baronse amafaranga, biribonekeza ko hariho abayakoresha neza n’abandi bataramenya ukuntu boshobora kuyifatamwo neza. Bamwe bayahereza mu bunywero, abandi mu bushurashuzi n’ibindi nk’ivyo maze bakibagira kazoza k’umuryango n’iterambere ry’igihugu. Umutama umwe yari umurimyi w’ikawa ku buryo yashobora gushora ikawa iciye imiriyoni zitatu z’amafaranga y’amarundi. Ariko i muhira iwe barashobora kumara indwi badafunguye infungurwa zirimwo umunyu n’amavuta. Icibagiwe co ni ugufungura ibiharage canke inyama. Yari yifitiye umwambaro umwe w’impuzu gushika naho atashobora no kuwumesa. Nta mwana n’umwe yigeze ashira mw’ishure kandi atabuze uburyo. Ico yakora n’uko nama ndamubona azindukira mu bunywero bumwegereye kuva mu gatondo gushika isaha zitanu z’ijoro akama ataha bamuteruye kubera aba yataye ubwenge abitewe n’akaborerwe.

Umuntu aca yibaza nimba inzoga ariyo yofata ikibanza ca mbere mu vyo umuntu ashobora gukenera mu buzima bwa minsi yose. Abandi nabo bagize amahirwe bakaronka amafaranga, hari aho batibuka ko hari abakene batagira icobafasha, haba mu gufungura canke mu kuronka ico bambara, bakanezerwa gusa n’uko bomererwa neza ari bonyene bakibagira ko, mu migenzo yabo, abarundi bamye barangwa  n’umutima w’urukundo aho basangira akabisi n’agahiye.

Ku bwanje, abantu bari bakwiye kumenya ukuntu bokwitunganya mu gukoresha neza amafaranga yabo, mu kwiteza imbere n’uguteza imbere abandi n’igihugu cabibarutse mu kudasesagura bakongera bakagira umutima w’ugufashanya. Gutyo umukene n’umutunzi bagashobora kubaho neza bafatanye munda kuko atamahoro arama aboneka iyo hari abarara ubusa abandi bahaze. Nakare ngo mu nda harara inzara hakazinduka inzigo.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ukutamenya niwe mwansi wambere Abarundi dufise mu bintu vyose;aboba babirengako babizi nabo ni bwamwe twita ko bapfuye bagenda;abo rero twobasengera IMANA ikabazura kuko dufise IYUMVA. IMANA ihezagire IGIHUGU cacu Igikure m ubugomb bwa satani no m ukutamenya…

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.