article comment count is: 0

Mbega igisagara ca Gitega kizoguma ari ica kabiri mu Burundi?

Mu gihe uko igihugu gitera imbere ariko ibisagara bivuka kandi navyo nyene bikabandanya gukura, aha mu gihugu c’Uburundi, Jean-Désiré Nduwayo aribaza uko ibintu bizoba vyifashe mu minsi ya vuba umuntu agereranijwe ibisagara vya Gitega na Ngozi. Ahereye ngaho asanga, hamwe hatogira igikorwa mu maguru masha, igisagara ca Ngozi kizohava gica kuri Gitega, gutyo kibe ica kabiri mu gihugu.

Ibihe igihugu kirimwo vyatumye imigambi imwe imwe y’iterambere isubira inyuma iyindi nayo irahagarara.N’ubwo biri uko, umuntu ariko aratembera mu gisagara ca Gitega yohava yibaza ko ivyirirwa biravugwa ku ma radio atari vyo. Muti gute? Utubarabara twose tugana ku bitaro mpuzantara vya Gitega twose turiko turakorwa kugira ngo dushirwemwo ikaburimbi. Ariko rero impinga iracari ndende kuko ahakeneye gusubirwamwo canke gukorwa ari henshi. None ubwo ico gisagara ntikizohava gitakaza ikibanza ca kabiri mu gihugu havuye igisagara ca Bujumbura?

Igisagara ca Gitega kiramaze imyaka ijana n’ine kibayeho kuko cavutse mu 1912. Ico gisagara rero kikaba kiri neza na neza hagati mu gihugu, kikaba kimaze igihe kitari gito kiza ubwa kabiri mu bisagara biteye imbere mu gihugu cacu inyuma ya Bujumbura. Ariko rero abatari bake baribaza niba ico gisagara kizoguma muri ico kibanza narirya igisagara ca Ngozi gisanzwe ari ica gatatu naco kiriko kiratera imbere cane.

None Gitega izogumana ico kibanza gute?

Igisagara ca Gitega gisanzwe cagutse cane kuko kuva aho gihera gushika aho kigera ubu gifise ubwaguke bw’ibirometero cumi. N’ubu rero kibandanya cagurwa. Ibindi navyo bizotuma ico gisagara kigumana ico kibanza n’uko, mu 2007, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko umugwa mukuru w’igihugu uzohava ariho wungururizwa. Muri iyi minsi rero, biraboneka ko ico gisagara kiriko kirasubirwamwo kugira ngo citegurire ayo mahinduka muvyerekeye politike n’intwaro.

None vyose birera ngo de?

N’ubwo twavuze ko utwigoro turiko turakorwa, mwomenya ko impinga ikiri ndende kugira kibe igisagara vy’ukuri kirangurirwamwo amabanga akomeye muvy’intwaro na politike. Mbajije bamwe mu bariko barakora ayo mabarabara, bambwiye ko igice ca mbere bazokora utwo tubarabara twonyene, ngo ntibaramenya ko bazokora n’ahandi. Umuntu avyihweje asanga hamwe bokora aho honyene bitoba bikwiye kuko utubarabara twinjira mu bice vyinshi vy’igisagara twarimbaguritse eka n’amabarabara akikuje isoko ya Gitega asigaye ameze nabi cane.

Bamwe mubanya-Gitega bavuga ko bizeye ko ayo mabarabara yose azosubirwamwo. Ahandi ho, igisagara ca Ngozi kirashobora gucako Gitega mu minsi mike. Ivyo bikaba vyibonekereza aho amabarabara yo mu gisagara ca Ngozi yose yakozwe ku buhinga bugezweho hakoreshejwe amabuye. Ariko rero na Ngozi siko bizoyorohera guca kuri Gitega kuko yo isanzwe itagutse cane. Abarongozi b’igisagara ca Gitega bokwongereza inguvu kugira ngo iryo teka bagiye guterwa ntirizohave rijanwa ahandi.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.