Yaga - Burundi: Dukingire ibidukije
article comment count is: 1

Twitwararike aho tubaye ku neza yacu!

Abatari bake barazi ko gukingira ibidukikije biri n’akamaro kanini mu buzima bw’abantu, mu mibereho yabo ya minsi yose. Oscar Niyonkuru arabishimangira mu guhamagarira abarundi gukingira ibidukikije kugira ngo twirinde impanuka.

Twihweje hirya no hino mu gihugu c’Uburundi, biraboneka ko ibidukikije bititaweho bikwiye. Aha twotanga akarorero nko ku bantu baturira imisozi ngo baronke ubwatsi bw’inka, abicira ibiti mu kurondera amakara canke imbaho, abimba umusenyi canke amabuye mu nzuzi, eka n’abandi benshi. Ingaruka mbi z’iyo nyifato ni yinshi cane. Dufatiye nko ku gisagara ca Bujumbura honyene, biribonekeza ko inzuzi zihaca zigeramiye cane inkengera zazo. Henshi muri izo nzuzi, usanga hari abantu bimba umusenyi canke amabuye. Ivyo biraheza bigatuma inkombe z’izo nzuzi zisenyukira mu mazi, buke buke ugasanga hacitse imanga. Iruhande y’izo nkombe ugasanga hubatse inzu nko ku metero zitarenga na zitanu. Iyo imvura iguye ari nyinshi, hari aho izo nzuzi zuzura amazi agatera mu mazu y’abantu. Tuvuye kuri izo nzuzi tukaja mu mazu y’abantu, biraboneka ko benshi bubaka batisunze amategeko. Ushobora gusanga abantu bubatse ahagenewe guca amabarabara, abandi nabo ntibibuke gusigaza imiserege itwara amazi. Kubera imvura ikunda kurwa ari nyinshi, amazu yama yasidutse, abantu bagasigara bipfumbereje. Twihweje ivyo vyose, umuntu ashobora kwibaza ibibazo vyinshi : mbega abanyagihugu boba bakora ivyo kubera ukwikunda cane canke n’ukutamenya? Hamwe vyobandanya uko vyogenda gute ? Umuti wo wotangwa n’uwuhe ?

Uko ibintu bimeze ubu

Duhereye ku kibazo ca mbere, umuntu yovuga ko ivyo vyose biva k’ukwikunda bivanze n’ukutamenya. Abantu benshi bubaka mu bibanza bitemewe n’amategeko, usanga vyaguzwe amahera make. Ku basanzwe bimba amabuye n’umusenyi mu nzuzi nabo, usanga bironderera amafaranga ababeshaho. Kubera izo mvo zose, uca ubona neza ko biva k’ukwikunda kuko barondera uko babaho babanje guhungabanya ibidukikije. Ukutamenya nakwo kwabo guhagaze ahanini k’ukutibuka ingorane baba bariko baritera. Mu kirundi bavuga ngo akaje ntikazira umwe. Iyo ikiza giteye ntigicagura, n’abahungabanya ibidukikije kirabahitana.

Hamwe vyobandanya ukwo vyogenda gute ?

Tumaze iminsi tubona imvura irwa ari nyishi igasitura amabarabara canke ibiraro. Kubw’ivyo, Leta irahahombera cane kuko gusanura ayo mabarabara bitwara uburyo bwinshi bwofashije mu bindi bisata vy’iterambere ry’igihugu. Abanyagihugu nabone barahahombera cane. Nk’akarorero imvura isituye amazu, abantu basigara mu kangaratete. Ivyabo bigatwarwa n’amazi, ubukene bukaba burabinjiranye. Bashobora kandi guterwa n’indwara zivuye kw’isuku rike kubera ibidengeri vy’amazi vyabuze aho bica. Izindi ngorane n’izo gusanura amazu yabo kuko bibasaba amafaranga.

Umuti ubereye

Biribonekeza neza ko abahungabanya ibidukije baba bafise inyugu bironderera. Ariko rero, abantu bari bakwiye kumenya aho inyungu nini ihagaze. Ku bwanje, gukingira ibidukikije bidufitiye akamaro ntangere. Bituma twikingira ibiza vyinshi nk’uruzuba, imvura y’isegenya, ibihuhusi, n’ibindi. Dushobora kutabona akamaro ko kubungabunga ibidukikije ubwo nyene ariko bikazobonwa n’abana canke abuzukuru bacu. Ni vyiza rero ko tworaga abana bacu igihugu ciza kuruta mbere n’uko twagisanze. Abantu twari dukwiye kureka kwisamburirako. Hambavu y’ivyo, Leta irafise uruhara runini kuko niyo ijejwe kwubahiriza amategeko. Ubushikiranganji bujejwe gukingira ibidukikije  burakwiye kuja hamwe n’abo bose vyega kugira amategeko yubahirizwe. Ubuyobozi bujejwe itunganywa ry’ibisagara nabwo nyene bukwiye gusuzuma neza ingene abantu bubaka. Basanzemwo abatubahiriza amategeko bagahanwa ata ka mwana wa mama. Nk’uko twarazwe na ba sokuru igihugu ciza, natwe tubwirizwa kukibungabunga ku buryo n’abana bacu bazovuga bati : « abavyeyi bacu bari abagabo ».

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.