article comment count is: 0

Twirinde abafyitirizi

Mu gihe abarundi benshi bacirukira abavuzi b’ikirundi benshi bazi kw’izina rya rumenyi canke abafyitirizi, Rénovat Ndikumwenayo we abona ko nyabuna bari bakwiye kwijukira kwivuriza kwa muganga bakoresheje ka gakarata CAM Leta ihimiriza abanyagihugu kwivurizako.

Naho muri kino gihe vyibonekeza neza ko Leta y’Uburundi yagerageje guteza imbere amagara y’abantu muri ino myaka icumi iheze, abarundi benshi, na cane cane abanyagihugu batobato, ntibaratahura ukuntu bobungabunga amagara yabo n’akamaro ko kwivuriza kwa muganga. Leta yarashizeho umugambi utuma abanyagihugu bashobora kwivuza vyoroshe, aha twovuga nko kuvuza abana badashikana imyaka itanu hamwe n’ukwibaruka  ku buntu tutibagiye n’ugutanga udukarata two kwivurizako bita CAM. Ako gakarata gashobora kwivurizwako n’umuryango ugizwe n’umugabo, umugore hamwe n’abana bose batarenza imyaka icumi n’itanu. Ako nako kakaba katarenza ibihumbi bitatu vy’amafaranga y’amarundi. Ariko rero, nubwo Leta yagerageje kwita ku rutare mu kworohereza abanyagihugu kwivuza, ingorane zo ntizibuze. Umuntu arashobora kugwarira i muhira akaremba mbere n’ugupfa agashobora gupfa bitavuye ku kubura aho yivuza.

Mbega ni kuki abarundi batitabira kwivuza kwa muganga ?

Umuntu arashobora kwibaza ati none izo ntambamyi zoba ziva kuki? Abafyitirizi, aribo bapfumu, hamwe n’ukutamenya biri muri bimwe bituma abanyagihugu bamwe bamwe bicwa n’indwara boshobora gukira. Abarundi batari bake baracizigira ba rumenyi gusumba abaganga b’ikizungu kuko bamwe bishiramwo ko barogwa n’ababanyi babo baba batabanye neza canke bapfa amatongo n’ayandi matungo. Abandi nabo bakitwaza ubukene mu kudatwara umuntu kwa muganga hakiri kare mbere ugasanga nako gakarata ko kwivurizako ntako bafise kandi abajejwe intwaro badasiba guhimiriza ko ata rugo na rumwe rwobaho rutagafise narirya tuzi ko indwara zidasezerana.

Ukutamenya biragatsindwa

Umurwayi umwe twaganiriye igihe yari mu bitaro, amaze gutora mitende, akaba yari yaje aremvye agwariye i muhira igihe kirekire, basanze yaragwaye indwara iterwa n’ugufugura nabi kuko yari yavyimvye amaguru kubera ugukama amaraso. Ndamubajije igituma yaje kwivuza ateba, yanyishuye ko babanje kumutwara mu bapfumu ngo kuko muri ako gace yavamwo benshi basanzwe bivuriza kwa rumenyi. Yongera aranyemeza neza ko iyo umuntu afashwe avyimba amaguru ngo baca bibaza ko ari ibirozi. Kubera atari afise ikarata yo kwivurizako, hageze ko bamuharurira ayo ariha mu bitaro, yasanze ariha ibihumbi mirongo itandatu. Ariko, iyo agira ako gakarata yari kuriha ibihumbi icumi na bibiri gusa. Ndamubajije ko bizomworohera kuyaronka, yanyishuye ko agiye kumvikana n’umuryango ngo badandaze agatongo. Aho naciye nibaza ikibazo nti mbe hamwe munyuma yogwaza umugore ko nahonyene azoca adandaza akandi kavi na cane cane ko yari afise umuryango munini.

 Igikwiye gukorwa ku neza y’abanyagihugu

 Abanyagihugu bari bakwiye kumenya ko amagara ari amazi aseseka ntibayore maze bakareka kwishimira ba rumenyi, umuntu agwaye bakamunyarukana kwa muganga tutibagiye ko n’urugo rwose rwogerageza kugura agakarata CAM narirya katanazimvye cane. Leta nayo yari ikwiye kurondera ubundi buryo bwo kwumvisha abanyagihugu akamaro ko kwivuriza kwa muganga, uwufashwe yivurije ku bafyitirizi agahanwa n’amategeko. Ivyo bigiye mungiro, vyotuma ubuzima bw’abanyagihugu butera imbere, igitigiri c’abantu bapfa ku munsi ku munsi kikagabanuka, gutyo igihugu kikabandanya gitera intambwe mw’iterambere rijanye n’amagara meza.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.