article comment count is: 3

None bagiye kuba abande?

Ishure nshingiro ryatanguye abatari bake bafise amakenga kuko ngo integuro yaryo yoba itari imeze neza, haba ku ruhande rw’abigisha canke ku ruhande rw’ibikoresho. N’ubwo biruko, ryaratanguye none ubu abanyeshure ba mbere buca bakora ikibazo kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’amashure yisumbuye. Mbega none hazokora abangana gute? Leta yoba yipfuzako homenya abangana gute? Mbega ibikoresho n’abigisha birakwiye muri ico gice ca kabiri? Mbega abazoba bayobewe bobo bizogenda gute? Ivyo vyose n’ibibazo Jean Désiré Nduwayo yibaza.

Naho ishure nshingiro rigira riramure imikangara ya mbere, ibibazo vyo ntibibuze. Rabe namwe, iryo shure ryatanguye abatari  bake bavuga ko ivya nkenerwa bitateguwe, eka mbere ko n’abigisha batateguwe kugira ngo iyo ndinganizo nshasha y’inyigisho ntize isubiza ubumenyi inyuma. Ariko rero, Leta yagumye iremesha abo bose begwa n’ikibazo c’indero ko iyo nteguro itunganijwe neza. Mwomenya ko, igihe iyo ndinganizo nshasha itangura, igihugu cari gitekanye kandi n’amakungu yari akidufasha. None ko tugiye gutangura ico gice ca kabiri ata mfashanyo tukironka, burya bizokworoha ? Narirya Leta, ibicishije mu bushikiranganji bw’indero, ivugako hariho ivyigwa bishasha bizokongerwa mu vyari bihasanzwe bitangwa ariko ko atabigisha bavyo bategekanijwe? Mbega ko ico kibazo kizokorwa n’abanyeshure 216 000 (abo mu w’icenda barikumwe nabo mu w’icumi), Leta ikaba itegekanya ko homenya ibice 65 kw’ijana, ni ukuvuga 140 400, abo bandi 75 600 bazoca baja he ko n’amashure y’imyuga bociye bajamwo atarubakwa?

None abanyeshure ubu biyumvira iki?

Umwe mu bo twaganiriye yambwiye ati: “Ntacizere tugifise kuri kazoza kacu kuko Leta yaraduhevye. Dusigaye twizeye Imana yo mw’ijuru gusa. Raba nawe batubwira ngo tuzokwishingira imigambi idutezimbere. Burya twe twobishobora na rirya tuziko hariho n’abamaze za kaminuza, mbere bize ibisata bijanye n’integuro y’imigambi yo kwiteza imbere ariko vyabananiye  gushinga iyo migambi ivugwa?” None ga yemwe, nyimba n’abandi biyumvira nk’uwo munyeshure, mu misi iza Uburundi buzoba bumeze gute na rirya urwo rwaruka arirwo rwari Burundi bw’ejo?

Mbega abigisha barateguwe bikwiye?

Kuva iryo shure ritangura, ivyigwa vy’ubuhinga henshi vyatangwa n’abigisha batigeze bavyiga, gutyo bigatuma n’abanyeshure batabitegera. Noneho mu Kirundi bavuga bati umuntu atanga icafise. Muca mwumva ko indero iguma ita akanovera, kuko n’ubwo hageze gukorwa ico kibazo, hariho ivyigwa bitigeze vyigwa ku mvo z’ibura ry’abigisha babinonosoye. Ivyo biri uko mu gihe hariho ivyigwa bishasha bizigwa mu gice ca 2 c’amashure yisumbuye kandi atabigisha bavyo bategekanijwe.

Uko Leta ibibona hamwe n’icokorwa

Kubera ko ata buryo bukwiye buriho, Leta nta mugambi ifise woguha akazi abigisha bazotanga ivyigwa bishasha. Ngo abasanzwe bahari bazogerageza uko bashoboye bavyigishe n’ubwo atari ivyo bize. Leta kandi ibandanya ivugako abanyeshure bazoheza bize mu bisata atari ivy’ubuhinga ata rupapuro rw’umutsindo bazoronka ngo kuko ntaco rwobafasha. Ngo bazoronka urupapuro rwemeza ko bakurikiranye izo nyigisho gusa twita sertifika.

None mubona turiko tuvahe turiko tukajahe? Birumvikana ko ataburyo bukwiye buhari, kandi ko atawoba agisubiza inyuma uwo mugambi na rirya umaze igihe kitari gito utanguye. Ariko rero, Leta yogira akigoro ikarondera uburyo bwotuma iha akazi abigisha bazotanga ivyigwa bishasha eka bagategekanya nico abo batazoba bagize amahirwe yo kubandanya bazokora. Kuko bazokwibaza ko bize hama biyite abatagira akazi mu bandi. Ivyo navyo biri mu bigwiza ingorane mu gihugu kuko ataco baba bafise bakora.

Lien vers la page Yaga

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Turahari abavyize,gusa gushikirwa n’ikibazo.mé,nziko gukwira uburundi bitoshoboka.vyiza,kuriko bigume vyononekara kuruta,bogumiza birya vya kera.

  2. jewe ndabiravye nsanga nko mumyaka cumi irimbere atamuntu yize mugihigu cacu azobagishobora kuronka nakimwe hanze kabakazi canke kuronkaho ashobora kubandaniriza amashure.kuko nibakubaza aho wize bakumva n’i Burundi bazovugako atacowize kuko iyi système ntahandi ndayumva.iyinteguro nshasha yaduteye amakenga kuva ikiri munteguro,jewe narinkiri muri kaminuza ariko numvirije ibiri muriyo n’ukuntu itatomora neza ico abayiyobewemwo bazoba narabonako batoyabanje bagiye kutoroherwa.noneko akazi natwe twize maremare tukabuze,abonabo bayaciriye hagati bazobabande?

    1. Tu n’est pas ingénieur. Si tu l’étais tu ne pourrais pas affirmer que le systeme l’enseignement fondamental n’existe qu’au Burundi. tous les pays grandissant ont adopté et c’est pourquoi ils progressent. Est-ce que tu connais les systèmes qui sont en place dans les pays qui t’entourent avant de propager ces rumeurs?

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.