article comment count is: 6

Indimu ni kirumara ku magara y’abantu

Nk’uko Renovat Ndikumwenayo abitubwira, indimu n’icamwa ngirakamaro ku magara y’abantu. Indimu ishobora gukinga no kuvura indwara nyinshi cane. Ariko rero naho ico camwa ari ngirakamaro ku magara yacu, Abarundi benshi ntibaratahura ako kamaro mbere benshi bakaba batanacitaho kuko usanga kirimwa n’abantu bake, aho rero n’abakirima ugasanga ntibanagifungura ku rugero runini bivanye n’uko bamwe bavuga ngo kirabishe.

Tubiravye muri rusangi, indimu n’icamwa kizimbutse ariko kigwiriyemwo icunyunyu bita vitamine C, gutyo kikagira ubushobozi mu gukinga indwara z’umutima, kanseri n’izindi. Abahinga bamwe basanze ico camwa kivura n’indwara nk’inkorora n’ukumeneka umutwe. Ico camwa kirongera kigafasha ubwonko gukora neza mu kugabanya ishavu n’ukwihebura. Ku ndwara z’umutima, indimu ituma umutima ukora neza mu gukwiragiza amaraso mu bindi bihimba vy’umubiri, ikagabanya ivumbuka ry’umurindi w’amaraso eka mbere n’iyo umuntu akomeretse kigatuma akira ningonga kuko yongereza abasoda b’umubiri. Ico camwa kirashobora kandi gukinga ubwoko bwinshi bwa kanseri y’ibere, iyo mukanwa, iy’amahaha, iy’umushishito, iy’urwagasha. Hambavu y’ivyo, indimu irakigakinga ingwara zifatira mu ngingo z’umubiri nka « goutte » na « rhumatisme ».

Ikindi tutokwibagira n’uko indimu ishobora gufasha kugabanya ibiro ku bafise indwara z’igisukari, igatuma amafyigo, igitigu n’urwagasha bikora neza. Ku banywa inzoga zirenze urugero n’itabi, ico camwa kirashobora kugabanya ubumara mu mubiri bwatewe n’ivyo biyayuramutwe hama ico camwa kigatuma n’infungurwa umuntu yihereje zihoka neza.

None ico camwa twogifungura gute?

Ico camwa ushobora kugifungura conyene, canke ukagifungura mu nzindi mfungurwa, canke ukagifata uhejeje gufungura. Indimu imwe ku munsi irakwiye ku bantu bafise ibiro birenze. Kurya indimu nyinshi ku munsi biratuma umuntu acibwamwo ivyo navyo bigatuma umuntu atakaza ibindi vyunyunyu mu mubiri.

Hokorwa iki kugira ico camwa citabweho?

Abantu bari bakwiye kumenya ko ico camwa ari umuti kama kandi usaba uburyo buke mu gukinga no mu kuvura indwara zitarinke. Abantu rero bari bakwiye kukirima bivuye inyuma, maze ntihagire umuhana ubura igiti c’ico camwa kigafungurwa ku munsi ku munsi. Leta nayo yari ikwiye guhimiriza abanyagihugu kwijukira kurima ico camwa ikanagikwiragiza mu mashirahamwe y’uburimyi n’ubworozi kugira bakirwize. Ivyo bikozwe vyotuma abanyagihugu bakironka vyoroshe maze ubushikiranganji bw’amagara y’abantu nabwo bukitaho guhimiriza abanyagihugu gufungura neza ico camwa. Uwo mugambi wotuma indwara nyinshi zigabanuka hakoreshejwe uburyo buke, gutyo abantu bakagira amagara meza bagashobora gutunganya ibikorwa vy’iterambere ryabo n’iry’igihugu ata musonga.

Merci de voter pour Yaga ici et si vous avez du mal à voter, suivez nos instructions

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Murakoze cane kutuyagira kukamaro k’indimu kumagara y’abantu. Ariko mubandanye mugira ubushakashatsi no kugishishwa caco kuko amatwi ansumira ngo naco gifise akamaro kanini gusumba?

  2. ivy nukuri pe nuk besh bacank ngukiriy uca wonda rr babny ukik uravifungur utavyibush baranagutwenh ngo wasaz kumb bataz ko gikinh niznd ndwar nyish

  3. Murakoze Cane Kutuyagira Akamaro K’indimu! Mubandanya Mutwigisha N’akamaro K’ibindi Vyamwa, Mbere Bishobotse Mutwigishe N’ukuntu Dukwiye Gufungura Ibifungurwa IVyarivyo Vyose! Murakoze!

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.