article comment count is: 0

Ngo hakumena womeneka !

Inyuma y’urugendo umurwi w’abakuru b’ibihugu ba Afrika wo ku rwego rwo hejuru mu Burundi urongowe n’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jacob Zuma, n’amatangazo yarukurikiye, Jean-Désiré Nduwayo aribaza ibibazo vyinshi vyokorwa kugira Uburundi bwogorore.

Aho umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo Jacob Zuma asohoreye itangazo asaba ko abarundi, na cane cane abadashigikiye Leta, bokwemera ivyashikirijwe na Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro kubijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, abatari bake baribaza vyinshi. Bamwe bati mbega abadashigikiye Leta borondera inzira yokuvyemera maze amatora yo mu 2020 agategurwa neza hama imfashanyo zigasubira kuboneka abarundi bagatezurirwa mu bukene bubugarije ?

Inyuma y’urwo rugendo, Jacob Zuma yarasohoye itangazo avuga ko, naho hoba ibiganiro, ikijanye n’ibiringo kitogarukwako. Ivyo akabivuga yishimikije ingingo ya Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yamaze kwerekana aho ihagaze. Ivyo bikaba vyaje bishimisha ubutegetsi bw’i Bujumbura kuko ariho bwamye buhagaze kuva mu ntango y’ingorane igihugu kirimwo.

None Jacob Zuma yobahari inyungu arondera mu Burundi?

Abatari bake baranuganuga ko  uwo mukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo yoba ariko arondera gushimisha ubutegetsi buhari kugira ngo atebe atsindire isoko ryo kwimba inzahabu ngaha mu Burundi. Ngo kubera izonyungu, yoba ariko ararondera gushigikira Leta y’Uburundi kugirango ayikundwakazeko gutyo nayo imushimire mu kumuha ivyo yipfuza. Ivyo rero benshi bibaza ko bishobora kuba ari ukuri kuko, munyuma y’iryotangazo, umukuru w’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yahavuye nawe asohora irindi tangazo rimeze nk’irivuguruza iryo uwomukuru w’igihugu  ca Afrika y’Epfo yari yashikirije. Abatari bake baribaza niba umuntu yokwemera ivyavuzwe n’uwari arongoye izo ntumwa canke ivyavuzwe n’uwurongoye Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika arinaryo ryari ryatumye abo bakuru b’ibihugu.

Mbega abanyepolitike bovyifatamwo gute ?

Kubwanje mbona ko abo badashigikiye Leta boguma basaba ibiganiro kugirango bumvikane uko igihugu corongorwa eka n’ingene abahunze igihugu bohunguka kandi n’impfungwa za politike zikabohorwa. Kuko hamwe bokwishikana bisa n’uko boba bahemutse kw’ibanga baribiyemeje. Ariko kandi kur’ivyo, ni ukwibaza uko abarundi bugarijwe n’ubukene butagira izina bazobandanya babaho mu gihe Leta itakironka imfashanyo yahora ihabwa n’amakungu. Rero ibiganiro vyihuta birakenewe kugirango  igihugu kive muri izi ngorane turimwo. Na cane cane ko ubukene igihugu kirimwo bwatumye Leta ifata ingingo yo kudazosubira gutanga akazi. Ibizohava bituma abatagira akazi baguma biyongera gutyo mu nyuma tuje muyindi ntambara. Intambara y’ubusuma n’ubundi bugizi bwa nabi kubera abakiri bato babuze icobakora cobabeshaho.

Ni naco gituma rero kumpande zose, yaba Leta canke abatayemera, hakwiye kuba ukworosha imitima bakaja mu biganiro vyotuma dusubira kubona igihugu ciza c’amata n’ubuki twarazwe na basokuru.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.