Tous les articles par Renovat Ndikumwenayo

Renovat Ndikumwenayo étudie les Sciences de la Santé à l’Université des Grands

Ugukorera Leta ni ukwitangira abanyagihugu

Mu bisata bimwe bimwe vy’ubuzi bwa Leta, naho ababijejwe bama basemereye, haribonekeza abakozi batarangura neza amabanga baba bajejwe. Aho ni nk’abakozi batonda ku kazi batevye canke n’iyo batonze bakagakora nabi nabi. Renovat Ndikumwenayo ni we atuyagira ko ugukorera Leta ari ukwitanga kugira ngo abanyagihugu boroherwe bongere batere imbere. Lire plus Ugukorera Leta ni ukwitangira abanyagihugu

Abigisha barakwiye kuronswa agashahara gashimishije

Abigisha bari mu mirwi y’abantu batuma ubuzima bw’igihugu bubandanya gutera imbere. Abo rero ni bo batanga ubumenyi maze igihugu kikaronka incabwenge zigifasha gutera imbere. Ariko rero, nk’uko ‘umukozi wese aberwa n’impembo’, agashahara kabo siko gashimishije kuko abenshi birabagora gutunga imiryango yabo, icibagiwe co n’ukurangura akagambi k’iterembere ryabo nk’uko Renovat Ndikumwenayo abibona. Lire plus Abigisha barakwiye kuronswa agashahara gashimishije

Umugabo n’umugore bofashanya gutunga umuryango

Mu Burundi, turamenyereye ko umugabo afatwa nk’igikingi c’irembo, atari i muhira ukamenga haragaragara. Ni we rero abantu benshi bibaza ko ivy’umuryango vyose biraba. Ariko rero, umuntu yihweje ukwo ibihe bigenda birahinduka, usanga umugabo n’umugore bari bakwiye gufashanya kuronderera no gutunga umuryango wabo nk’ukwo Rénovat Ndikumwenayo abituyagira. Lire plus Umugabo n’umugore bofashanya gutunga umuryango

Malariya n’indwara ya mbere ibangamiye Abarundi

Mu Burundi, co kimwe no mu bindi bihugu, hari indwara usanga zikunda kwibonekeza cane kuruta izindi. Ivyo rero bikunda kubonekera ku bitigiri vy’abagwayi baza kwitura muganga ku mavuriro atandukanye. Ikimaze kwibonekeza n’uko malariya ari indwara ya mbere ibangamiye Abarundi. Rénovat Ndikumwenayo, umunyeshure yigira ukwunganira abaganga, aratuyagira ukwo iyo ndwara yandurwa, ukwo twoyivuza hamwe n’ukwo twoyikingira. Lire plus Malariya n’indwara ya mbere ibangamiye Abarundi

Ubuganga ni ibanga ritoroshe

Mu buzima bwa minsi yose, abantu barazezwa amabanga atandukanye. Hari abayashingwa kubera icizere abantu babagiriye. Ariko hari n’abandi, hambavu y’ico cizere c’abantu, babanza kugira ico bakoze kugira ngo vy’ukuri babere ibanga kanaka. Hari rero amabanga asaba umwiteguro nko kwiga canke kwimenyereza. Muri ayo mabanga harimwo kuvura abantu. Renovat Ndikumwenayo niwe atuyagira ukwo ubuganga ari ibanga ritoroshe. Lire plus Ubuganga ni ibanga ritoroshe

Itituka ry’umugenzo wo gufashanya mu Burundi

Aho hambere hahise, mu Burundi, hararangwa umugenzo wo gufashanya hagati y’ababanyi, incuti hamwe n’abagenzi. Ariko rero, mu bihe vya none, haribonekeza itituka ry’uwo mugozi wahora wunze ubumwe bwa benshi. Ni naco gituma hari hakwiye kugira igikozwe maze urwo rukundo rusubire gusasagara mu Barundi nk’uko Rénovat Ndikumwenayo abituyagira.

Lire plus Itituka ry’umugenzo wo gufashanya mu Burundi

Itunga rya mbere ku bubakanye n’ukubana neza

Ibanga ryo kwubakana rirakomeye cane kuko umuryango niwo mushinge w’umubano mu bantu kandi ukongera ukaba n’isoko ry’indero y’abana bawuvutsemwo. Itunga risumba yose ku bubakanye rero n’ukubana mu mwumvikano. Renovat Ndikumwenayo araducira ku mayange uko ingo nyinshi zisambuka bivanye n’ukwitwara nabi kw’abubakanye. Lire plus Itunga rya mbere ku bubakanye n’ukubana neza

voir plus d'articles D