travaux-communautaires
Photo d'illustration: Twitter

Ibikorwa rusangi si ivy’abanyamigambwe gusa

Ibikorwa rusangi n’ibikorwa abanyagihugu canke abantu bose bbabishatse bitunganiriza maze bakabikora ku gushaka kwabo kubera intumbero bafise. Ivyo bikorwa rero iyo bitunganijwe neza, bikitabwa n’abantu benshi, birafasha cane mw’iterambere kuko bikorwa atamafaranga arinze gusabwa maze igihugu kikahungukira vyinshi. Ariko rero naho biri uko, Martial Niyongabo abona ko, mu Burundi, ivyo bikorwa bitagifise usura vyari bifise mu myaka y’2005 maze agasaba ko vyosubira gutunganywa gushasha kugira ngo vyitabwe na benshi gusumba.

Ibikorwa rusangi vyaraterereye bimwe biboneka kugira ngo iterambere ry’Uburundi rigere aho rigeze ubu. Ariko icibonekeza coco n’uko muri kino gihe ivyo bikorwa bisa n’ivyahawe iyindi shusho uravye ukuntu biba bitunganijwe. Ivyo bigatuma mbere haba n’abanyagihugu batakivyitabira nka mbere bakabibona nk’uko hari abo bigenewe.

Kuva mu mwaka w’2005, mu gihugu cacu haratunganywa ibikorwa rusangi biba buri ndwi, ku minsi yose ya gatandatu imbere y’umutaga. Ivyo bikorwa birakorwa ku mitumba yose igize igihugu cacu, abanyagihugu bagahana isango bagahurira hamwe bagakora ibikorwa vy’iterambere bitandukanye. Baraca amabarabara, bakubaka amashure, amavuriro, ibibuga vy’inkino, n’ibindi. Hari n’igihe mbere baza guterwa intege n’indongozi bitoreye canke imvukira zo ku mitumba n’amakomine yabo bakaza kubashigikira muri ivyo bikorwa.

Ukwo ivyo bikorwa vyagiye biratunganywa

Ariko rero ibintu bisa n’ivyahindutse mu vyerekeye itunganywa ry’ivyo bikorwa rusangi. Usanga umengo hari  ababihaye izindi ntumbero. Akarorero ka hafi ni nk’aho mu minsi iheze. Bivuye ku ngorane igihugu gihitiyemwo, igihe cose inyuma y’ivyo bikorwa hahora hatunganywa imyiyerekano yo kwiyamiriza abategetsi batandukanye bo mu bindi bihugu nk’Ububiligi n’Urwanda ndetse n’Abarundi bamwe bamwe bagirizwa n’ubutegetsi bw’igihugu c’Uburundi kugira uruhara muri izo ngorane. Ngaho umuntu avyihweje neza aca yibaza ko bitoba biriko birajana mu nzira ya politike. Hariho mbere n’abaza muri vyo bambaye impuzu ziranga imigambwe bakomokamwo bigaca bisa nk’uko umengo ivyo bikorwa vyoba bigenewe abo banyamigambwe gusa.

Ivyo vyose rero bigatuma nk’abasanzwe  batitaho cane ibijanye na politike batavyitabira. Hama kandi, mu gihe tuzi ko mu bihugu vyose Leta igira abayishigikiye ikagira n’abatavuga rumwe na yo kandi bikaba atari agaseseshwarumuri ko ari ko bimeze na hano iwacu, birumvikana ko abo batavuga rumwe nayo bazoguma babona ko ivyo bikorwa vyagenewe bamwe abandi nabo bitabaraba. Ntibaheza rero ngo baje mur’ivyo bikorwa kuko babona nk’uko vyoba biraba abashigikiye ubutegetsi gusa.

Uko ivyo bikorwa vyari bikwiye gutunganywa

Hari hakwiriye gushirwaho amategeko atomora neza ibijanye n’itunganywa ry’ivyo bikorwa. Abanyagihugu bakumvishwa neza ko atari vyiza kuza bambaye izo mpuzu ziranga imigambwe bavamwo, bakaraba neza hakaririmbwa n’indirimbo zirimwo amajambo adasotorana canke ngo ace ivutu abandi. Nimba ari iyo myiyerekano yateguwe igahabwa umwanya wayo. Nibaza ko kumbure bigenze ukwo ivyo bikorwa vyokwitabwa n’abanyagihugu bose naho boba badasangiye ivyiyumviro. Kandi bobikora banezerewe bumva ko na bo  bariko baraterera mw’iterambere ry’igihugu cabo.

Articles récents

Recent Comments ( 2 )

  1. Ego Ibikorwa Rusangi Birakwiy Gusubirwamwo Guko Ubu Aho Bigeze Ni Système Yaba D D Kugira Babandanye Bigisha.Hama Impuzu Z’imigambwe Sivyiza Kuzambara Mubikorwa Rusangi Muga Ntibabuze Aho Babica Guko Na S E Kenshi Nizo Abayambaye.

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*